Uko wahagera

Perezida Alassane Ouattara Yasavye Kwitoreza Ikiringo ca Gatatu


Ivory Coast President Alassane Ouattara
Ivory Coast President Alassane Ouattara

Prezida wa Cote d'Ivoire, Alassane Ouattara, uno musi yashikirije impapuro z'ugusaba gusubira kwitoza mu kiringo kigira gatatu. Ni inyuma y’impera y’indwi yaranzwe n’imyiyerekano y’abatavuga rumwe nawe bavuga ko ibwirizwa shingiro rimuziririza guhiganwa mu matora ategekanijwe kuba mu kwezi kw’icumi kw’uyu mwaka.

Abantu 5 barishwe mu gihe abandi barenga 100 bakomeretse mu gutana mu mitwe kwabaye hagati y’abari mu myiyerekano n’igipolisi kuva Prezida Ouattara atangaje mu ntango z’uku kwezi ko azosubira kwitoza.

Ari hanze y’inyubakwa y’urwego rw’igihugu rujejwe amatora ku murwa mukuru w’ubutunzi, Abidjan, yatangaje ko afitiye kazoza keza karangwa n’amahoro n’umutekano ku banyagihugu bose. Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro muri Cote d’voire izofata ingingo ya nyuma kuri kandidatire yiwe.

Abatavuga rumwe nawe bamenyesha ko ibiringo bibiri bitegekanijwe mw’ibwirizwa shingiro bimuziririza gusubira kwitoza. Yamara yatangaje ko ibiringo bibiri vya mbere bidaharurwa hisunzwe ibwirizwa shingiro ryemejwe mu mwaka w’i 2016.

Mu mpera z’iyi ndwi turangije, amamangazini atari make yaraturiwe mu ruhagarara rufatiye ku bwoko hagati y’abashigikiye Ouattara n’abashigikiye abatavuga rumwe na Reta mu gisagara ca Divo kiri mu bumanuko bw’igihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG