Uko wahagera

Umwe mu Bategetsi Bakomeye ba al-Qaida Yarishwe


Abagwanyi ba al-Qaida
Abagwanyi ba al-Qaida

Ibiro vy’Umukuru w’Igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika bimenyesha ko, Abu al Faraj al Masri, umurongozi ku gwego gwo hejuru, mu mugwi w’iterabwoba al-Qaida yahitanywe n’igitero c’indege cabaye mu ntango z’iyi ndwi.

Peter Cook, ajejwe kumenyekanisha amakuru mu biro vy’Umukuru w’Igihugu ca Reta Zunzu Ubumwe za Amerika, yatangaje kur’uyu wa kane ko igitero cabaye ku munsi wa mbere, kiyobowe n’inteko za Amerika, mu gisagara ca Idlib, arico cahitanye al Masri.

Cook amenyesha k’urupfu rw’uwo mugabo ar’agahombo gakomeye ku mugwi al-Qaida. Avuga kandi ko igitero cabaye ku munsi wa mbere, yamara ko vyafashe iminsi itatu kugira bamenye neza ko ico gitero cagavye al Masri, camugemye.

XS
SM
MD
LG