Uko wahagera

Agahengwe Koba Kagiye Kuboneka muri Libiya?


Ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU muri Libiya vyatangaje ko impande zitana mu mitwe muri ico gihugu zumvikanye ku vyerekeye gukomeza amasezeranso y’uguhagarika ingwano asanzwe acumbagira.

Ivyo vyatanze icizero c'uko ugutana mu mitwe kumaze indwi zitari nke gushobora kugeramira amasezerano y’uguhagarika ingwano guhagarara.

Mu gihe incuro iherutse y’ibiganiro bihagarikiwe n’ishirahamwe ONU hagati y’abayoboye impande zidacana uwaka vyarangiye i Geneve mu Buswise, impande zose zarashitse ku nteguro y’amasezerano agenewe gufasha mu gikorwa c’ugusubiza abasivile mu bice bavuyemwo.

Ico gikorwa kizokwirikiranwa n’abaserukiye impande zitana mu mitwe mu nama y’i Geneve babifashijwemwo n’inteko z’ishirahamwe ONU muri Libiya.

Abaserukiye ama Reta adacana uwaka muri Libiya bategerezwa kurungikira abayobozi babo integuro y’amasezerano y’uguhagarika ingwano. Abo bayobozi bafise ububasha bw'uguhagarika ingwano. Yamara iyo ntambwe iracafise inzitizi zitari nke.

Abaserukira abandi mu biganiro bemeye gusubira guhurira i Geneve mu kwezi kuza kugira batunganye ivyerekeye gushira mu ngiro amasezerano y’uguhagarika ingwano yashitsweko.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG