Uko wahagera

Afurika y'Epfo: Abanyeshure Basaba Kwiga k'Ubuntu


Abanyeshure muri Afurika y'Epfo mu myiyerekano
Abanyeshure muri Afurika y'Epfo mu myiyerekano

Muri Afurika y’Epfo, abanyeshure bari muri Kaminuza bari muri yegereyegere, aho bariko barasaba kwiga Kaminuza ku buntu. N’inyuma y’aho Reta itangarije ko idugije amafaranga y’ishure gushika ku bice 8 kw’ijana y’ayo bahora batanga.

Amashure atari make amenyesha ko mur’izo ntureka, abanyeshure bononye ibikoresho bitari bike, bakanahangana n’abigisha babo. Abategetsi bamenyesha ko batoye amabombe mu mpera z’iyi ndwi, muri Kaminuza ya Witwatersrand, iri ku mugwa mukuru wa Afurika y’Epho, i Johannesburg.

Mu ndwi iheze, amakaminuza ashika kuri ane yarugaye bivuye kw’ishavu ry’abari mur’iyo myiyerekano. Abanyeshure bamenyesha ko batazohagarika iyo myiyerekano, igihe batazoba bararonka inyishu zishimishije.

Umukuru wa Kaminuza ya Witwatersrand, Dam Habib, yabwiye Ijwi ry'Amerika ko atahura ivyo abanyeshure basaba, ariko ko Reta ata buryo ifise mur’uyu mwanya bwo gutanga inyigisho za kaminuza ku buntu.

XS
SM
MD
LG