Igihugu ca Afrika y’Epfo gishobora kwaka impapuro ziha impunzi uburenganzira bwo kuba mu gihugu mu gihe zikoze ibikorwa vya politike ivyo ari vyo vyose bifitaniye isano n’ibihugu zaje zivamwo.
Biri mw'itegeko rishasha ryemejwe mu ntango z'uku kwezi kwa mbere. Ni itegeko abatari bake biyamiriza bavuga ko rinyuranye n’amategeko akingira uburenganzira bwa kiremwa muntu.
Abaserukira impunzi muri ico gihugu bavuze ko biteguriye kwitura ubutungane. Basanga ari itegeko ribaka uburenganzira bw’ugushikiriza ivyiyumviro.
Afurika y'Epfo ibarizwamwo impunzi zitari nke zikomoka mu bihugu vya Afurika birimwo u Rwanda, Uburundi, Republika ya Demokarasi ya Kongo na Zimbabwe.
Amwe mu ma Reta y’ibihugu vyo muri Afrika yakomeje kwidogera Afrika y’Epfo ku bijanye n’ibikorwa vy’abantu bahungiye muri ico gihugu, aho bashikiriza ivyiyumviro vyabo ata nkomanzi. Afrika y’epfo yari yadadaje ku bijanye n’ukuremerwa n’ayo mareta gushika ubu.
Facebook Forum