Sentare muri Afrika y'epfo yiyamirije ivyasabwe na Jacob Zuma yahoze ari prezida w'ico gihugu, vy'ugutebesha igihano yaciriwe c'ugupfungwa amezi 15 kubera yihojeje ingingo ya sentare y'ukwitaba urwego rujejwe amatohoza ku vyagagirizo vya ruswa akwikiriranwako.
Zuma asigaje inzira imwe y’amategeko mu kigoro kiwe k’ukurekurwa igihe azokwumvirizwa na sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro ku musi wa mbere.
Apfungiwe muri iki gihe mw’ibohero ryitwa, “Estcourt Correctional Canter” kubera yanse kwubahiriza itegeko rya sentare rimusaba kwitaba komisiyo y’ubutungane iriko itohoza ku vyagirizo vya ruswa igihe yari prezida wa Afrika y’epfo kuva mu mwaka w’i 2009 gushika mu mwaka w’i 2018.
Bamwe mu bashigikiye Zuma baragize imyiyerekano mu bice bitandukanye vy’intara akomikamwo ya KwaZulu-Natal, barazibira amabarabara mu guturira ibigata vy’imodoka.
Zuma, afise imyaka 79 muri iki gihe, yishikiririje abategetsi gatoyi imbere y’ikiringo ntarengwako c’isaha zitandatu zo mw’ijoro ku musi wa gatatu. Yajanywe mw’ibohero rya “Estcourt Correctional Center”, biri hafi y’ibilometero 200 umuntu avuye i muhira iwe ahitwa Nkandla.
Facebook Forum