Uko wahagera

Afurika y'Epfo Ntisangiye Impungenge z'Urucanco rwa J&J n'Amerika


Urucanco rwa Johnson & Johnson
Urucanco rwa Johnson & Johnson

Ibigo cya Afrika y’Epfo bijejwe kwemeza canke guhakana ikoreshwa ry’imiti, catangaje ko ata makenga manini bifise ku bijanye n’urucanco rwa sosiyete Johnson&Johnson ikorera mu gihugu.

Ikigo SAHPR, uyu musi ku wa gatatu catangaje ko mu misi iheze cihweje ivyatohojwe n’ishirahamwe rikora imiti Johnson &Johnson (J&J) ryahaye urucandago abajejwe kwitaho amagara y’abantu, bisanga ata ngorane, urwo rucandago ruteye.

Ico kigo congeye gutangaza ko kikirindiriye ibindi vyigwa vyakozwe n’iryo hinguriro ry’imiti J&J hamwe n’ibiro vya Reta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe kugenduza ibifungurwa n’imiti.

Reta ya Afrika y’Epfo ejo ku musi wa kabiri yari yabaye irahagarika urucanco rwa J&J, inyuma y’aho abategetsi bajejwe amagara y’abantu muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, basabiye ko urwo rucandago J&J ruba rurahagaritswe kuva aho bimenyekaniye ko hari abantu bari ku rushi, bagize ingorane z’amaraso avurirana, inyuma y’aho baruterewe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG