Sosiyete ya Pfizer na BioNTech zasinyiraniye amasezerano na Afurika y'Epfo yo gukora incanco za Covid-19, zizotangwa muri Afurika. Ikigo Biovac gifise icicaro mu gisagara ca Cape Town muri ayo masezerano cahawe kuzokwama gikora incanco zigera ku miriyoni ijana ku mwaka ku mwaka, guhera mu 2022.
Biovac mu gukora izo ncanco zizotangwa mu bihugu 54 vy’Umugabane w’Afurika izokoresha ahanini imiti isanzwe ikoreshwa mu gukora incanco izoza iva i Buraya. Vyitezwe ko ayo masezerano azofasha gutorera umuti ikeha ry’incanco za Covid-19 mu bihugu vya Afurika: Ikigo CDC kijejwe gukumira no kurinda ingwara z’ivyaduka ku mugabane wa Afurika kivuga ko ku muriyari n’imiriyoni zirenga 300 z’abantu babarizwa ku mugabane wa Afurika, abamaze kuronka urucanco rumwe rwa Virusi ya Corona badakwiye n’ibice bibiri kw’ijana.
Umukuru wa sosiyete nyamerika ikora incanco Pfizer, Albert Bourla, yishimiye amasezerano ikigo atwara casinyiraniraniye na Afurika y’Epfo. Yasiguye ko atandukanye n’ayandi yagiye arahaba, agatuma incanco za Corona zironka ibihugu bitunze gusa.
Iyi nkuru Ijwi ry’Amerika riyikesha Itororokanirizo ry’amakuru y’abongereza, Reuters, n’iy’abanyamerika, AP
Facebook Forum