Uko wahagera

Afurika Iriteguye Guhangana na Virusi ya Corona?


Ikigo kijejwe gukumira ingwara z’ivyaduka ku mugabane w’Afurika, CDC, kigabisha ibihugu bigize uwo mugabane ko bitagavye bishobora kubangamirwa n’ikiza ca virusi ya Corona.

Muganga Ahmed Ogwell atwara ico gisata mu kiganiro n’Ijwi ry’Amerika, yasiguye ko ibitigiri vy’abanduye umugera wa Corona biri hasi muri Afurika ugereranije n’imigabane ya Buraya na Aziya.

Yumvikanishije amakenga y’uko ari nka hamwe ibitigiri vyoduga nkuko biri kuri iyo yindi migabane, Afurika ishobora kunanirwa no gukumira ico kiza, bivanye n’ingene ibisata vyitaho amagara y’abantu bitunganijwe mu bihugu bitandukanye.

Mu biriko birakorwa yavuze, harimwo ukuronsa uburyo bwo gupima uwo mugera ibihugu vyose bigize Afurika. Yemeje ko kugeza ino saha ibifise ubwo buryo ari 43.

Muri rusangi abanduye bamaze kumenyekana muri Afurika barenga 600. Misiri iza imbere mu bwandu ivugwamwo abarenga 190, Afurika y’Epfo abarenga 110, Aljeriya nayo abarenga 73.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG