Uko wahagera

Afuganistani: Umumenyeshamakuru Agira 4 Yishwe


Umumenyeshamakuru Rahmatullah Nikzad
Umumenyeshamakuru Rahmatullah Nikzad

Umumenyeshamakuru w'umunyafuganistani yishwe mu ntara ya Ghazni iri hagati mu gihugu. Rahmatullah Nekzad, yishwe arashwe n’abantu batamenyekanye uno musi ku wa mbere. Abaye umumenyeshamakuru agira 4 yishwe muri ico gihugu mu kiringo c’amezi 2 aheze.

Nk’uko bitangazwa n’abategetsi b’igipolisi caho hamwe n’umutegetsi wo mu bushikirangananji bujejwe intwaro yo hagati, yishwe avuye imuhira iwe, agiye mu musigiti mu gisagara ca Ghazni.

Ibice bitari bike vy’intara ya Ghazni bigenzurwa n’abatalibani. Yamara barahakana ko hari uruhara bagize mw’iyicwa rya Rahmatullah Nekzad. Umuvugizi w’abatalibani, Zabihullah Mujahid, avuga ko iyicwa ryiwe ari ubuhombe ku gihugu.

Abarwanyi ba reta ya kiyislamu baragirijwe ibitero bitari bike muri Afuganistani mu mezi arangiye. Baremeye ko bagize igitero ku mumenyeshamakuru mu ntango z’uku kwezi. Mu kwezi guheze, abamenyeshamakuru 2 barishwe mu bitero vy’amabombe bitandukanye.

Ishirahamwe rijejwe gukingira abamenyeshamakuru kw’isi, “Reporters Sans Frontieres” rivuga ko Afuganistani ari kimwe mu bihugu aho abemenyeshamakuru bicwa cane kurusha mu bindi bice vyo kw’si.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG