Abatalibani barungitse ingabo zabo amajana n’amajana mu ntara yitwa, Panjshir, kugira zije guhangana n’umurwi w’abarwanyi batwarwa n’umuhungu w’uwahoze abarwanya igihe bari ku butegetsi haraheze imyaka 20.
Intara ya Panjshir iri ki birometero 150 uvuye ku murwa mukuru Kabul. Abatalibani barungitse ingabo zabo muri ako karere inyuma y’amasaha make batanye mu mitwe n’abo barwanyi barimwo n’abahoze mu gisirikare ca Afuganistani. Ugutana mu mitwe hagati y’izo mpande zibiri kwabereye ahitwa Andarab, akarere gaherereye mu bumanuko bwa Afuganistani.
Mu ndwi iheze, abo barwanyi bari bigaruriye uturere dutatu twegeranye n’iyo ntara ya Panjshir, ariko uno musi abatalibani bavuze ko utwo turere twose ubu turi mu minwe yabo.
Ahmad Massoud atwara abo barwanyi bahanganye n’abatalibani yakurikiranye inyigisho za gisirikare kw’ishure ry’intwazangabo mu Bwongereza, avuga ko azoshaka kuba nka se amuvyara. Se wiwe Ahmad Shah Massoud batazira “ Ingwe ya Panjshir” yazibiye abasirikare ba Sovietiques mu myaka ya za 80 yongera ahangana bikomeye n’abatalibani mu 1990.
Umwe mu bahanuzi ba Massoud yabwiye Ijwi ry’Amerika ko kuva abatalibani bafata ubutegetsi hari ibiganiro vyabaye hagati y’izo mpande zibiri ariko bisa nk’aho ataco vyavuyemwo. Massoud mu vyo asaba abatalibani, harimwo ko Reta yoshingwa yova mu matora, ariko abatalibani bakavuga ko ata matora azogenda abaye.
Mu kiganiro n’itororokanirizo ry’amakuru y’abongereza kuri terefone, Reuters, Ahmad Massoud yasiguye ko atipfuza kwinjira mu ngwano ariko ko ari yo nzira we n’abarwanyi bamuyoboka bazohava bafata.
Facebook Forum