Uko wahagera

Afuganistani: Abana Badandazwa Kubera Ubukene Bariyongera


Umwana w'umukobwa yafashije ishirahamwe Amnesty International mw'isekeza ryo kurwanya ikibazo c'abana barongozwa batarakwiza imyaka
Umwana w'umukobwa yafashije ishirahamwe Amnesty International mw'isekeza ryo kurwanya ikibazo c'abana barongozwa batarakwiza imyaka

Muri Afuganistani, abavyeyi batari bake bariko baradandaza abana babo b’abakobwa bivuye ku bukene n’amadeni bibugarije. Itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa, AFP, ritangaza ano makuru rivuga ko mu badandazwa harimwo n’utwana tutarakwiza umwaka umwe. Badandazwa ahanini mu miryango y’abahungu babahitiyemwo kuzobabera abagabo bamaze gukura gato.

Mu nkuru yayo, AFP, itanga akarorero k’umupfasoni yitwa Fahima umugabo yakojeje amakuru y’uko bagiye kudandaza abana babo b’abakobwa bitwa Farishteh na Shokriya, kugira bashobore kuronka ico bafungura inyuma yo komorwa n’ubugararwa bwari bwugarije uburengero bwa Afuganistani aho bahora baba.

Fahima amaze kumva ayo makuru, yararize arahogora, abakobwa biwe bo yamara mu mpuzu zabo zitabutse, n’ivyondo ku mubiri, bagumye bakinira impande ya nyina bitwengera batazi ko bagiye kudandazwa amadorali ibihumbi 3 n’amajana 350 kuri Farishteh w’imyaka itandatu n’ibihumbi 2 n’amajana 800 kuri mwene wabo Shokriya w’umwaka umwe n’inusu.

Utwo dukobwa tubiri twadandajwe ku miryango y’abahungu bakiri bato cane,bitegekanywa ko bazobabera abacance. Amafaranga yose baguzwe amaze gutangwa, abo bana AFP ivuga ko baheza bagasezera imiryango yabo, bakaja mu y’abahungu bazobarongora. Gukwiza ico kiguzi ariko navyo bishobora gutwara imyaka itari mike ku miryango y’abahungu iza iratanga igice c’amafaranga ironse.

AFP aho yashitse mw’ikambi y’abegeranirijwe hamwe ibamwo uwu muryango, ihasanga imiryango ibihumbi n’ibihumbi ibayeho muri ubu buryo. Abavuganye n’iryo tororokanirizo ry’amakuru y’abafaransa ni imiryango 15 yadandaje abana b’abakobwa bayo amafaranga ari hagati y’amadorali 550 n’ibihumbi 4.

Ni umugirwa umenyerewe muri Afuganistani nkuko AFP ibandanya ibivuga: Nk’umuryango wa Sabehreh w’imyaka 25 waguranye imfungurwa mw’ibagiro ribegereye ariko vyanka ko uriha ideni kubera ubukene. Nyene ibagiro, amaze kubona ko vyanse ko bamuriha, yabateye ubwoba ko batarishe azobafungisha, babura uko bagira gutyo badandaza agakobwa kabo Zakereh k’imyaka itatu kugira kazobe umugore w’umuhungu wa nyene iryo bagiro yitwa Zabiullah w’imyaka ine.

Nyina wa Zakereh yabwiye AFP ati: “ Ntibinshimisha na gato. Ariko ntaco dufise duha umunwa. Tukabandanya tuba muri ubu bukene, nzodandaza n’umukobwa wanje w’amezi atatu.” Umubanyi wa Zakereh yemeje ko bisanzwe cane, atanga akarorero k’uwo azi yadandaje umukobwa wiwe w’imyaka 8 ku muhungu w’imyaka 23. Uyu amahirwe agira, ni uko uwo bitegekanijwe ko azomuca ince akiri muri Irani. Atashe yamara azobwirizwa kuja kwishura amadeni y’abavyeyi biwe.

Uwundi muvyeyi yitwa Mohammad Assan yicujije aganyira kuri micros za AFP ayibwira ko umukobwa wiwe Siana w’imyaka icenda na Gul w’imyaka 6 kuva abadandaza mu gisagara kiri kure yaho aba atarigera yongera kubakubita ijisho. Assan agahinda afise avuga ko yoronka uwumugurira umwana wiwe wundi w’imyaka ine, yokarengera akamudandaza kugira aronke uko avuza umugore wiwe arwaye. Madamu w’uwo Assan nawe yabwiye AFP ati: “ Hari igihe numva nosara kubera agahinda. Akenshi ndava mw’ihema tubamwo nkasanga ndiko nja ahantu ntazi kubera uguta umutwe!".

Akenshi abana badandazwa naho bashobora kugurwa bagifise amezi make, baja gushika mu maboko y’imiryango y’abazobabera abagabo bafise hagati y’imyaka 10 na 12. AFP igereranya ikiringo co kurindira ko begukira imiryango yabaguze, n’inzira y’umusaraba ku bavyeyi babibarutse.

Imbere y’uko abatalibani basubirana ubutegetsi bwa Afuganistani, imyaka yo kubaka yari yemewe n’amategeko ku bakobwa yari 16. Ikigega ca ONU citaho abana kw’isi, UNICEF, cerekana ko mu 2018 ibice 42% vy’imiryango muri Afuganistani ifise umwana n’imiburiburi umwe yubatse urwiwe atarakwiza imyaka 18.

Imiryango y’abakobwa ni ko irabironkeramwo amafaranga naho atari menshi, ariko rimwe na rimwe abana babo iyo bagiye barahohoterwa, bakagira ibibazo mu kuvyara n’izindi ngaruka. Ku rundi ruhande, abahungu canke imiryango yabo bahurumbira kugura abakobwa bakiri bato kuko baba bagurwa make ugereranije n’abakuze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG