Uko wahagera

Abiy Ahmed Yarahiriye Manda ya Kabiri yo Gutwara Etiyopiya


Umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya Abiy Ahmed ariko ararahira, mu ngoro y'inama nshingamateka i Addis Abeba, muri Etiyopiya. Kw'itariki ya 4/10/2021

Umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya uyu musi yarahiye mu mabanga yo kurongora igihugu ku ncuro igira kabiri mu gihe ingwano ibandanya kwiyongera.

Umugambwe wa Abiy Ahmed mu ntango z’uyu mwaka ni ho watangaza ko yatsinze amatora y’abashingamateka, igihe c’amatora yanebaguwe kandi atitabwe n’imigambwe itavuga rumwe nawe. Yamara naho vyagenze gutyo, abanyamahanga bari mu gikorwa co kugenduza ayo matora bavuze ko yari yatunganijwe neza kurusha amatora yose yabaye mbere.

Ahmed yaronse agashimwe k’amahoro “Prix Nobel” kubera yanaguye imigenderanire n’igihugu kibanyi ca Eritereya kandi yahinduye ibitari bike muri politike y’igihugu ciwe. Muri iki gihe arahanzwe n’ibibazo bikomeye kuko ingwano ya mu ntara ya Tigreya iriko iratandukira ibindi bice vy’igihugu, kandi n’ubwicanyi bufatiye ku moko bubandanya.

Abakwirikiranira hafi uruhagarara ruri mu gihugu ciwe bavuga ko inyifato mbi ya reta yo gukandamiza no kunumya abanyagihugu yagarutse. Iyo ngwano imaze amezi 11 yaratumye ubutunzi bwa Etiyopiya, cahora ari kimwe mu bihugu vya Afrika bitunze, bucumbagira.

Abakuru b’ibihugu bane, barimo uwa Nijeriya, Senegal, Somaliya na Djibouti ni bo bonyene bari bitavye ibirori vyo kurahira kwiwe mu mabanga yo kurongora igihugu ku ncuro igira kabiri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG