Uko wahagera

Abimukira 21 Baguye mw'Ibahari ya Mediterane


Abimukira 21 bapfuye igihe ubwato barimwo bwibira mu mazi yo mw'ibahari Mediterane hafi y'igihugu ca Tuniziya

Abo bimukira, baturuka muri Afrika, bariko bagerageza kujabuka muri iyo bahari bagana izinga rya Lampedusa ryegukira igihugu c’Ubutaliyano. Ubwo bwato bwibiye igihe bwari mu rugendo rwatanguye ku muhingamo wo ku musi wa kane buvuye mu gisagara ca Sfax.

Gushika ubu, abajejwe kugenzura imbibe zo mu mazi bamaze gutora ibiziga 21. Igikorwa c’ukurondera abandi bari muri ubwo bwato kirabandanya.

Mu kwezi guheze, abimukira 39 barapfuye mu mazi y’ibahari Mediterane hafi y’igisagara kirimwo ikivuko ca Sfax, mu mpanuka nk’iyo.

Ibice vyegereye ibahari Mediterane hafi y’igisagara ca Sfax vyarakoreshejwe cane n’abimukira bahunga intambara n’ubukene mu karere ka Afrika no mu buseruko bwo hagati bw’isi, barondera ubuzima bwiza kurushiriza ku mugabane w’Ubulaya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG