Uko wahagera

Abazocungera Amatora mu Burundi Basabwa Kutazohengama


Abakozi b'umurwi w'igihugu ujejwe amatora, CENI.

Umurwi ujejwe gutegura amatora mu Burundi, CENI, uhamagarira abazofasha gucungera amatora y’uno mwaka wa 2020 ko bategerezwa kuzobikora ataho begamiye.

Mu ruganda ku bajejwe ubutungane n’inzego z’umutekano ku murwa mukuru w’intara ya Gitega Pierre Claver Kazihise yibukije aba bazocungera amatora gusiga ivyiyumviro vy’imigambwe n’amashirahamwe baturukamwo.

Bamwe mu bitavye urwo ruganda rw’umurwi ujejwe amatora ku rwego rw’igihugu rwabereye ku murwa mukuru wa politike i Gitega bagaragaje amakenga afatiye ku kungene abagize imirwi ijejwe amatora mu makomine no mu ntara bashizweho.

Inkuru Ijwi ry'Amerika yateguye yifashishije abakunzi bayo mu Burundi muyumva mw'Ijwi rya Desire Hatungimana ari i Kigali mu Rwanda.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG