Uko wahagera

Abakuwe ku Ntonde z'Abazokwiyamamaza muri Kongo Bitwaye


Pierre Bemba ariko asuzuma impapuro ziwe imbere yo gutanga candidatire yiwe
Pierre Bemba ariko asuzuma impapuro ziwe imbere yo gutanga candidatire yiwe

Jean-Pierre Bemba, yahoze ayoboye umurwi urwanya ubutegetsi muri Republika iharanira demokrasi ya Kongo n’abandi banyapolitike, bariko bitura ubutungane kubera bakumiwe ku bijanye n’ukuzokwitoza mu matora y’umukuru w’igihugu muri Kongo.

Abo bakandida uko ari batandatu bituye sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro uno musi ku wa mbere. Bari mu bakandida 25 bakumiwe n’umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora muri Kongo.

Bitegekanijwe ko iyo sentare ifata ingingo mu misi 10 iri imbere. Bitegekanijwe ko urutonde ntabanduka rw’abakandida rushikirizwa kw’italiki 19 z’ukwezi kw’icenda, amezi 3 imbere y’amatora ategekanijwe kuba kw’italiki 23 z’ukwezi kw’icumi na kabiri muri uyu mwaka w’i 2018.

Abatavuga rumwe na Reta bafise impungenge ku bijanye n’ubwigenge bwa sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro hamwe n’umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora. Bagiriza izo nzego zibiri ko zikwirikiza amabwirizwa y’intwaro ya Perezida Joseph Kabila kugira zikumire abakandida bamwe bamwe.

Jean-Pierre Bemba yatangarije kuri televiziyo y’Ubufransa, France 24 ko arindiye kubona ingingo sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro izofata.

Uno musi ku wa mbere igitigiri kinini c’abapolisi bari mu kibanza kirimwo inyubakwa ya sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG