Uko wahagera

Abatimbo bo mu Gishora Bababajwe n'Uko Bataherekeje Prezida i Dubai


Bamwe mu batimbo bo mu Gsihora i Gitega. Ino Foto ni iyo mu 2015
Bamwe mu batimbo bo mu Gsihora i Gitega. Ino Foto ni iyo mu 2015

Abavuzi b'ingoma 12 b'ahitwa mu Gishora muri Komine ya Giheta y'intara ya Gitega mu Burundi kuri uno wa mbere ntibaherekeje i Dubai umukuru w’igihugu, Evariste Ndayishimiye, nkuko vyari bitegekanijwe.

Abo batimbo bo kw'isoko ry'ingoma mu Gishora basaba ubushikiranganji bw’ubudandanji gusubizwa amafaranga yose bakoresheje yababa imiriyoni zitanu. Bamenyesha ko barenganijwe kuko bari batumiwe n’umukuru w’igihugu ubwiwe.

Basigura ko bavuye mu Giheta iyo basanzwe baba baja mu gisagara ca Bujumbura kurondera impapuro z’inzira, vyose bamaze kubikwiza ni ho umwe mu bategetsi bo mu bushikiranganji bw’imico kama yababwira ko batakijanye na Prezida Ndayishimiyte. Uwurongoye abo batimbo bo mu Gishora amenyesha ko baguye mu gahundwe kandi ko atari ubwa mbere barenganywa.

Uwo arongoye abo batimbo bo mu Gishora amenyesha ko kuva mu mwaka w'2013 hagiye haratunganywa amahiganwa y’abavuzi b’ingoma bakaba kuva ico gihe babaye aba mbere kiretse rimwe gusa. Umushikiranganji w’inkino n’imico kama akaba yari yarabamenyesheje ko ababa aba mbere, aba kabiri n’aba gatatu ari bo bazohora batorwamwo abaserukira igihugu. Uwo rero aserukira abandi akabona ko barenganijwe mu gusubirizwa n’umugwi wo mu gisata c’ingenzi mu bushikiranganji bw’ubudandanji kandi utigera uza imbere na rimwe mu mahiganwa.

Jérémie Hatangimana umunyakaranga nawe nyene yigeze kuvuza ingoma mu buto bwiwe amenyesha ko kenshi ka mwana wa mama ariko gakoreshwa mu kurungika abatimbo mu mahanga. Amenyesha ko inkurikizi zishobora kuba mbi muri ico gisata.

Ijwi ry'Amerika ryarondeye umushikiranganji w’inkino n’imico kama ngo atange umuco kuri ivyo vyashikiye abatimbo bo mu Giheta, yishura ko vyateguwe n’ubushikiranganji bw’ubudandaji mu gisata c’ingenzi. Ijwi ry'Amerika ribajije muri ubwo bushikiranganji, bishuye ko uwufise inyishu kuri ico kibazo yajanye n’umukuru w’igihugu muri urwo rugendo arimwo I Dubai.

Ariko rero abo batimbo bo mu Giheta komine ivukamwo umukuru w’igihugu, akaba ari nawe yari yabitumiyeko nkuko bavyemeza ngo ntibarota baheba amafaranga bakoresheje. Bamenyesha ko barindiriye ko umukuru w’igihugu aganuka kugira bamwiganire ivyabashikiye.

Inkuru ya Desire Hatungimana akorera Ijwi ry'Amerika i Kigali mu Rwanda

Abatimbo bo mu Gishora Bavuga ko Barenganijwe
please wait

No media source currently available

0:00 0:03:34 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG