Uko wahagera

Abateramakofi b'Abarundi Baracafungiwe muri Gabon


Abakinyi batatu b'Abarundi mu mukino wo gukubitana amakofi "boxe" n'abamenyereza babo babiri bari babaherekeje mu nkino zari zimaze iminsi zibera muri Gabon bafungiwe icamaso kw'i hoteri bashikiyeko muri ico gihugu.

Imvo ni uko babuze amafaranga angana n'amadolari 4680 yo kuriha iyo hoteri. Eric Ndayishimiye atwara ishirahamwe ry’urukino rwa boxe mu Burundi yabwiye Ijwi ry’Amerika ko biri uko mu gihe ubushikiranganji bujejwe inkino bwari bwaremeye ko ayo mafaranga azotangwa imbere yuko bava mu Burundi.

Ndayishimiye yemeza ko usivye ko ayo mafaranga atatanzwe ata nakimwe ubwo bushikiranganji bwabafashije kuko n’amatike y’indege yarishwe n’ishirahamwe rya Boxe mu Burundi.

Ubushikiranganji bujejwe inkino ntibuhakana ko bagiye muri iyo mikino bahawe uruhusha n'igihugu nkuko binaboneka ku mpusha zabo. Gusa ubwo bushikiranganji busigura ko hari bimwe mu vyitonderwa bwise "Procédures" abo bakinyi bagiye batitondeye.

Ku ruhande rw'abafunzwe icamaso ku murwa mukuru wa Gabon I Libreville basaba Reta kuriha ayo mafaranga kugira barekurwe kuko n’impapuro z’inzira zabo bazatswe, uburyo babayemwo nabwo bakavuga ko budashemeye.

Imikino yo gukubitana amakofi abo Barundi bari bamazemwo iminsi yatanguye kw'igenekerezo rya 12 uku kwezi ahera kuwa 17. Vyari bitegekanijwe ko batahuka ku wa gatandatu igenekerezo rya 18.

Inkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eloge Willy Kaneza

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:55 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG