Uko wahagera

Abategetsi muri Koreya y'Epfo Barabeshuza ivy'Urupfu rwa Kim Jong Un


Umutegetsi kizigenza wa Koreya ya Ruguru, Kim Jong Un

Abategetsi ba Koreya y'Epfo batangaza ko umutegetsi kizigenza wa Koreya ya Ruguru, Kim Jong Un ariho kandi ari muzima.

Iyo nkuru yatangajwe ku musi w’Imana na Moon hung-in, umuhanuzi akomeye mu vy’umutekano wa prezida w’igihugu ca Koreya y’epfo, Moon Jae-in.

Ivyatangajwe na Moon Chung-in bikaba bidaha agaciro urukurukuru rubandanya kuvurwa ku magara ya Kim Jong Un inyuma yuko adaserutse mu birori bikomeye cane mu gihugu vy’ukwibuka amavuko ya sekuru wiwe, Kim IL Sung kw’italiki 15 z’uku kwezi kwa kane.

Mon Chung-in, umuhanuzi adasanzwe ku bibazo bijanye n’umutekano wa Prezida Moon Jae-in avuga ko igihugu ciwe kidahindura aho gihagaze ko Kim Jong Un ariho kandi ari muzima. Yabivuze mu kiganiro yahaye televiziyo y’Abanyamerika, CNN ku musi w’Imana.

Yamenyesheje ko Kim Jong Un ari mu gisagara c’ukuruhukiramwo ca Wonsan kiri mu buseruko bwa Koreya ya ruguru kuva kw’italiki 13 z’uku kwezi kwa kane.

Kim Jong Un ntarasubira guseruka ahabona kuva ayoboye inama y’urwego nyobozi rw’umugambwe uri ku butegetsi, “Workers’ Party” kw’italiki 11 z’uku kwezi kwa kane.

Ukudaseruka ahabona kwiwe kwatumye hatangazwa amakuru atari make atemejwe ku magara yiwe abategetsi ba Koreya ya ruguru basutseko mabisi.

Batangaje ko ata na kimwe bafise cemeza ko amagara ya Kim Jong Un ameze nabi muri iki gihe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG