Uko wahagera

Abategetsi b’Ibihugu vyo kw’Isi Barakoraniye I Londres Kwihweza Ikibazo ca Somalia


Abakuru b'Ibihugu vyo kw'Isi mu Nama Kuri Somalia i Londres
Abakuru b'Ibihugu vyo kw'Isi mu Nama Kuri Somalia i Londres

Inyuma y’ivyo biganiro vy’I Londres, umushikiranganji wa mbere, David Cameron yatangaje kw’intambwe zashitsweko.

Abategetsi b’ibihugu vyo kw’isi barakoraniye ejo ku musi wa kane i Londres mu Bwongereza, mu nama y’umusi umwe kuri kazoza ka Somalia, baremeye infashanyo nshasha mu gikorwa c’ukugwanya iterabwoba muri Somalia n’abagizi ba nabi bakorera mu mazi ku nkengera za Somalia, yamara batangaje ko Reta ya Somalia itegerezwa kubandanya umugambi wayo w’ugushiraho Reta itaguma ihindagurika.

Mw’itangazo ry’ukwugurura iyo nama, umuhsikiranganji wa mbere w’igihugu c’Ubwongereza, David Cameron yatangaje kw’iyo nama itagenewe gutegeka inyishu Somalia ikwiriye kwisunga yamara kugabisha kw’amakungu azoriha bikomeye hamwe atofasha Somalia kuva mu myaka imazemwo y’ubwicanyi, ingaruka z’uruzuba n’ubukene.

Inyuma y’ivyo biganiro vy’I Londres, umushikiranganji wa mbere, David Cameron yatangaje kw’intambwe zashitsweko.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu, O-N-U, Ban Ki-moon yatangaje kw’imbere y’ikiringo ntarengwako co mu kwezi kw’umunani, Somalia, ikeneye ibwirizwa nshingiro rishasha, inama nshingamateka ntoyi umuntu ayigereranije n’iyihari ubu, n’amatora y’abashingamateka n’umukuru w’igihugu.

Secreteri wa Departement ya Amerika, Hilary Clinton yatangaje kw’amakungu ategerzwa gufasha Somalia gushiraho Reta itaguma ihindagurika mu gihe yobandanya isagiriza umugwi w’intagondwa z’aba Islamu, al-Shabab ukorana n’umugwi al-Qaida.

XS
SM
MD
LG