Uko wahagera

Abategetsi Batatu ba Reta ya Uganda Baregetsweko Icese Ivyaha vya Ruswa


Sam Kutesa, Umwe mu Bategetsi Batanze Imihoho
Sam Kutesa, Umwe mu Bategetsi Batanze Imihoho

Ivyo vyagirizo bifatiye ku milioni zitanu z’amadolari yazimanganye mu kigega ca Reta mu mwaka w’2007

Sentare mu gihugu ca Uganda, ejo ku musi wa kane yaregetse icese ivyaha vya ruswa ku bategetsi batatu ba Reta ya Uganda baherutse gutanga imihoho.

Abashikirizamanza muri sentare nkuru y’igihugu ca Uganda bagirije icese umushikiranganji ajejwe imigenderanire, Sam Kutesa, Mwesigwa Rukutana yahoze ari icegera c’umushikiranganji ajejwe akazi, na John Nasasira yigeze kuba umuyobozi w’inama nshingamateka ko bakoresheje ubutegetsi bwabo mu gukora amakosa, kandi batumye Reta ya Uganda itakaza amafranga.

Ivyo vyagirizo bifatiye ku milioni zitanu z’amadolari yazimanganye mu kigega ca Reta mu mwaka w’2007, igihe igihugu ca Uganda cakira abategetsi b’ama Reta y’ishirahamwe Commonwealth.

Abo bategetsi ba Reta batanze imihoho ku musi wa gatatu imbere yuko baseruka imbere ya sentare ijejwe kugwanya ibiturire, yamara bagumye bavugako ata makosa bakoze.

Bavuga ko batanze imihoho, kugira barekurire sentare kurangiza igikogwa cayo, no ku nyungu za Reta n’umugambwe uri ku butegetsi muri Uganda. Hamwe bokwagira ivyaha bagirizwa, bashobora gucigwa umunyororo w’imyaka cumi n’itatu.

XS
SM
MD
LG