Uko wahagera

Abategetsi ba Bujumbura Bahagurukiye Kugwanya Umwanda


Kuva ku musi wa kane w'indwi ishize, haratanguye gushirwaho ibigunguru vyo gutamwo imicafu ku mugwa mukuru w'ubutunzi Bujumbura.

Ishirahamwe ry'abagenzi b'ibidukikije rirashima uwo mugambi rikavuga ko uzotuma ikirere ca Bujumbura n'ikiyaga Tanganyika bihumanuka.

N'abanyagihugu ba Bujumbura bavuga ko bavyishimiye. Mugabo Mamert Sabushimike, umukuru w'abagenzi b'ibidukikije ahanura Leta gutunganya neza ingene imicafu yegeranywa itabwa kugira ntitere ingwara abanyagihugu.

Vyose hamwe ibigunguru vyo gushiramwo imicafu bimaze gukwiragizwa mu gisagara ca Bujumbura kuva mu ndwi iheze bigera kuri 20. Bifise agaciro k’imiliyoni 12 z’amafaranga y’Amarundi akaba yatanzwe n’abanyagihugu na cane cane abacuruza bakorera hagati na hagati muri Bujumbura muri komine Mukaza.

Renovat Sindayihebura, musitanteri wa komine Mukaza asigura ko uwu mugambi waje kugira hirindwe umurengera w’ubucafu ukomeza kwibonekeza naho igisagara kidasiba gusiburwa.

Mukurindira kugera kuri iryo hangiro, bamwe mu banyagihugu bakorera hagati mu gisagara barashima ino ngingo.

Bamwe muri bo nk’uyu mugabo acuruza amakara y’ama inite ya terefone ariko basaba ko honashirwaho ubwiherero rusangi.

Ubuyobozi bwemeza ko bwamaze kuvyiyumvirako mugabo ko bisaba uburyo bwinshi nk’uko bisigurwa na Sindayihebura.

Mamert Sabushimike, umukuru w’ishirahamwe ry’abagenzi b’ibidukikije nawe nyene arashima uwu mugambi. Avuga ko uzofasha mugukinga ihumana ry’ikirere n’iry’ikiyaga Tanganyika.

Gusa ahanura abategetsi gutunganya neza itabwa ry’imicafu kugira iciza ntikibemwo ikibi.

Sindihebura aramutswa komine Mukaza hari ico yibutsa abanyagisagara: kwirinda kugira bino bigunguru ikuburiro vy’imciafu yo mu mazu n’ubucururizo.

Ihangiro komine Mukaza ifise ari nayo irimwo imirimo myinshi kurusha ayandi makomine y’umugwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura n’uko amabarabara makurumakuru yose mu kiringo c’amezi atatu yoba ariko ibigunguru abarengana ku binyabiziga n’amaguru batamwo imicafu.

Bwana Sabushimike atwara ishirahamwe ry’abagenzi b’ibidukikije asanga Bujumbura isukuwe neza ishobora no kuba isoko ry’amafaranga y’agaciro igihugu gikeneye kuko zohurumbirwa n’ingenzi zo mu karere zo mu karere n’ibindi bihugu vya kure nka kera.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG