Uko wahagera

Abatalibani Bigaruriye Intara ya Nyuma Itari Bwaje mu Maboko Yabo


Bamwe mu barwanyi ba NRF mu myitoza ya gisirikare mu ntara ya Panjshir

Abatalibani batangaje ko bigaruriye intara ya Panjshir iri mu buraruko bwa Afuganistani. Iyo ntara ni yo yonyene mu zivugwamwo abantu benshi batabashigikiye batari bwigarurire.

Umuvuguzi w’abatalibani, Zabihullah Mujahid, yigamvye intsinzi avuga ko ukwigarurira iyo ntara ari ikimenyetso ko intambara muri Afugansitani iheze. Mw’itangazo Mujahid yagize ati: “Dutanguye amateka mashasha y’ubuzima butekanye n’umwidegemvyo.”

Amavidewo yashizwe ahabona n’abajejwe ivyo kumenyesha amakuru mu batalibani yerekanye bamwe muri bo bariko bashira amadarapo y’abatalibani ku nyubakwa zitandukanye bemeje ko ari iza Reta muri iyo ntara.

Umurwi witwa National Resistance Front (NRF) urwanya abatalibani ukaba utwarwa na Komanda, Ahmad Massoud, wo yamara wahakanye ano makuru uvuga ko intara ya Panjshir ikiri mu minwe yawo.

Mu butumwa uwujejwe imigenderanire n’amakungu muri NRF yacishije ku rubuga rwiwe rwa Facebook, yavuze ko ivyo abatalibani bavuze ari ibinyoma gusa. Asigura ko abarwanyi b’uwo murwi bakiri ku birindiro bikomakomeye muri iyo ntara bongera bemerera abanyagihugu ba Afuganistani kuzorwana gushika babaronkeje ico bise “ ubutungane”. Ahmad Massoud nawe kuri Twitter yanditse ati: “ Turacari muri Panjshir kandi urugamba rwo kurwanya abatalibani rurabandanya”.

Abatalibani bigamvye intsinzi inyuma y’amasaha make Massoud avuze ko yemeye ibiganiro vy’amahoro abanyamadini bamusavye kugirana n’abatalibani, mu gihe bovana ingabo zabo zose muri iyo ntara ya Panjshir asanzwe avukamwo. Hagati aho, hari amakuru avuga ko umuvugizi w’umurwi NRF na muvyara wa Massoud baguye mu ngwano yaraye ihuje abatalibani n’uwo murwi uri mu yikomeye ibarwanya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG