Uko wahagera

Abatalibani Bamanitse Ibiziga 4 vy'Abagirizwa Inyuruzwa ry'Abantu


Kimwe mu kiziga c'abamanitswe
Kimwe mu kiziga c'abamanitswe

Abatalibani bamanitse ibiziga vy’abantu bane mu bibanza bihuriramwo abantu benshi. Bavuze ko abo bantu bishwe barashwe na polisi yo mu gisagara citwa Herat bagirizwa kunyuruza abantu.

Umwe mu basirikare b’abatalibani atatangajwe amazina yabwiye itororokanirizo ry’amakuru y’abanyamerika, AP, ko ibi babikoze mu ntumbero yo kugabisha abakora amabi atandukanye.

Abatalibani ku musi wa gatanu bari bagabishije ko ibihano vyo guca ibihimba vy’umubiri birimwo amaboko no kunyonga abagirizwa ivyaha bitandukanye bishobora kuzogarukanwa mu gihugu.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire y’Amerika n’ayandi makungu bwavuze ko abatalibani baramutse bagarukanye ivyo bihano bigeze kuba bakoresha mu myaka ya za 90, boba bariko barahonyanga agateka ka zina muntu bikabije.

Bishura ubwo bushikiranganji Abatalibani bagize bati: “Nta n’umwe tuzokwemerera ko atubwira amategeko dutegerezwa gukoresha. Tuzokwisunga Isilamu hama dushinge amategeko yacu.”

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG