Ibitigiri vy'abatagira akazi basaba gufashwa muri Reta Zunze Ubumwe z'Amerika vyaduze. Ubushikiranganji buraba ivy’akazi muri Amerika bwavuze ko mu ndwi iheze, abasavye gufashwa bagera ku bihumbi 419.
Biyongereyeko ibihumbi 51 ugereranije n’abari basavye ubufasha mu ndwi yatanguriye iyaheze. Naho biri uku, ibi bitigiri biri hasi ugereranije n’uko vyari mu mezi 16 aheze ikiza ca virusi ya Corona kicaduka.
Muri rusangi, abanyagihugu badafise ubuzi muri Reta Zunze Ubumwe z’Amerika ubwo bushikiranganji buvuga ko baharurwa mu miriyoni 9 n’ibihumbi 500. Ubwo bushikiranganji bubandanya bwibutsa ariko ko hari ubuzi bugera ku miriyoni 9 n’ibihumbi 200 buriko buraboneka, ariko ikibazo kikaba ko abo badakora batabushoboye bose.
Icizere kihari, ni uko zimwe muri za Reta zibandanya kuvanaho ingingo zari zarafashwe mu ntumbero yo gukinga ikiza ca virusi ya Corona, mu ntumbero yo kunagura ubutunzi.
Facebook Forum