Uko wahagera

Abasirikare ba Mali 9 Baguye mu Gitero c'Abitwaje Ibirwanisho


Bamwe mu basirikare ba Mali
Bamwe mu basirikare ba Mali

Igitero cabereye mu gice kiri hagati mu gihugu ca Mali cahitanye abasirikare 9, gikomeretsa abandi 11. Igisirikare ca Mali catangaje ko abantu bitwaje ibirwanisho bateze umutego inteko za reta mu ntara iri hagati mu gihugu.

Imodoka 3 z’igisirikare zarambutse inyuma yuko zisetse amabombe mu ntara ya Mopti hagati y’ahitwa Koro na Bandiagara ku musi wa gatatu. Nta murwi numwe uriyitirira ico gitero. Yamara ibitero nk’ivyo vyarakozwe n’imirwi y’iterabwoba ikorana n’umurwi al-Qaida ikorera mu gice co hagati mu gihugu.

Mali iriko irwanya umugumuko w’intagondwa z’abayislamu kuva mu mwaka w’i 2012. Izo ntagondwa zarigaruriye ibisagara biri mu buraruko bw’igihugu. Yamara zaratujijwe muri ivyo bisagara mu mwaka w’i 2013. Mu nyuma y’aho zaragiye hamwe n’ingonga mu bugararwa bwa Sahara, zitangura gukora ibitero incuro zitari nke ku basirikare ba reta n’abo bakorana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG