Uko wahagera

Abasirikare 53 Baguye mu Gitero c'Intagondwa muri Mali


Isanamu yerekana imodoka ya gisirikare yononekarariye mu gitero co mu 2018
Isanamu yerekana imodoka ya gisirikare yononekarariye mu gitero co mu 2018

Reta muri Mali itangaza ko abasirikare 53 n’umusivile umwe baguye mu gitero cagabwe ku kirindiro ca gisirikare kiri mu ma jaruguru y’ico gihugu.

Nta muhari uriyitirira ico gitero cagabwe mw’ijoro ry’uwa gatanu rishira uwa gatandatu. Gusa, reta yavuze ko cagabwe n’intagondwa zikora iterabwoba.

Umushikiranganji ajejwe gutanga amakuru muri Mali abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter yavuze ko hari abantu cumi bari kuri ico kirindiro bashoboye kurokoka.

Mu kwezi kw’icenda intagondwa zishira imbere intambara ya jihad mu bitero zagavye ku birindiro bibiri vya gisirikare zahitanye intwaza ngabo zigera kuri 40.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG