Uko wahagera

Abasirikare 24 ba Cadi Baguye mu Gitero c' "Intagondwa z'Abayisilamu"


Bamwe mu basirikare ba Cadi
Bamwe mu basirikare ba Cadi

Abasirikare 24 b'igihugu ca Cadi bishwe mu gitero cikekwa ko cakozwe n'intagondwa z'abayislamu. Umuvugizi w’igisirikare yamenyesheje ko abasirikare ba reta bari bariko bararuhuka igihe baterwa n’abarwanyi b’umurwi Boko Haram ku musi wa gatatu mu karere k’ikiyaga ca Cadi. Avuga ko uretse abasirikare 24 bishwe, abandi batari bake bakomeretse mu gihe abandi bashwiragiye.

Jenerali, Azem Bermandoa Agouna yemeje ko ico gitero cabaye ahitwa Tshoukou Telia, izinga riri ku bilometero 190 mu buraruko bushira uburengero bw’umurwa mukuru, N’Djamena.

Intagondwa z’umurwi Boko Haram na reta ya kiyislamu, ishami rikorera muri Afrika yo mu burengero, zakoresheje akarere k’ikiyaga Cadi mu kiringo c’imyaka itari mike mu gukora ibitero ku nteko za reta hamwe n’abasivile.

Mu kwezi kwa gatatu mu mwaka w’i 2020, abasirikare ba reta 100 barishwe mu gitero cakozwe mu gice citwa Bohoma mu kiyaga Cadi. Vyatumye inteko za reta zikora ibitero vyo kwivuna ziyobowe na prezida w’ico gihugu, Idriss Deby Itno.

Deby yishwe mu kwezi kwa kane muri uyu mwaka w’i 2021 igihe abasirikare ba reta batana mu mitwe n’abarwanya ubutegetsi mu buraruko bw’igihugu. Yasubiriwe n’umuhungu wiwe Mahamat Idriss Deby Itno.

Umurwi Boko Haram watanguye umugumuko mu buraruko bwa Nijeriya mu mwaka w’i 2009 imbere y’uko wongereza ibitero vyawo mu bihugu bibanyi. Ibiharuro bitangwa n’ishirahamwe ONU, vyerekana ko abantu barenga 36,000 benshi muri bo muri Nijeriya bamaze kwicwa mu gihe imiliyoni 3 bahunze ingo zabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG