Uko wahagera

Ishirahamwe ASF Ryarahagaritse Gukorera mu Burundi


Chantal Van Cutsem atwara ishirahamwe ry'abashingwamanza batagira imbibe
Chantal Van Cutsem atwara ishirahamwe ry'abashingwamanza batagira imbibe

Ishirahamwe ry’abashingwamanza batagira imbibe "Avocats Sans Frontières" (ASF) kuri uno wa mbere ryatangaje ko rigiye guhagarika burundu ibikorwa vyaryo mu gihugu c’Uburundi ryari rimaze imyaka 20 rikoreramwo.

Umukuru w’iryo shirahamwe, Chantal Van Cutsem, yabwiye Ijwi ry’Amerika ko ingingo yo gukura meza bayifashe kubera ivyo basabwe na Reta harimwo ugutanga akazi hisunzwe ibice 40 kw’ijana vy’abatutsi na 60 kw’ijana vy’abahutu biciye kubiri n’amategeko kandi binyuranye n’akarangamutima kabo.

Ku kibazo c’ikigiye gukurikira ku bakozi b’iryo shirahamwe umupfasoni Chantal Van Cutsem yavuze ko bibabaje ariko ata kinini bashobora kubafasha kiretse ico barekuriwe n’amategeko agenga akazi n’abakozi.

Ijwi ry’Amerika ryashatse kumenya nimba hari ibiganiro Avocats Sans Frontières yoba itegekanya kugirana na Reta kugira abafashwa n’iryo shirahamwe ntibarwe mu mporero, Chantal Van Cutsem yishura ko iyo ngingo yabo ari ntabanduka.

Ishirahamwe ry’abashingwamanza batagira imbibe ryatanguye gukorera mu Burundi mu mwaka w’1999. Mu bikorwa vyaryo nyamukuru harimwo ukuronsa ubutungane bose, kumenyesha abanyagihugu amategeko abakingira no kubafasha kuburana igihe cose bibaye ngombwa.

Bimwe mu vy’Uburundi bwategetse amashirahamwe mva makungu yose ashaka kubandanya akorera ku butaka bwayo, harimwo ugutanga akazi hisunzwe ibice 40 kw’ijana ku batutsi na 60 kw’ijana ku bahutu, no gucisha amafaranga bakoresha mw’ibanki nkuru y’igihugu.

Amashirahamwe agera ku 130 yegwa n’iyo ngingo afise kugera kw’igenekerezo rya 31 z’uku kwezi kwa cumi na kabiri akaba yitunganije bitari uko akugara.

Chantal Van Cutsem atwara Avocats Sans Frontières mu kiganiro yagiranye na mugenzi wacu Diane Nininahazwe yemeje ko ibiro vyabo mu Burundi bizokugara igenekerezo rya 31.

Abacamanza Batagira Imbibe Bahisemwo Kwugara Ibiro Vyabo mu Burundi
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:11 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG