Uko wahagera

Abarwa mu Kajagari Kakurikiye Gufungwa kwa Zuma Biyongereye


Umwe mu bajejwe umutekano aburizamwo imyiyerekano muri Afurika y'Epfo
Umwe mu bajejwe umutekano aburizamwo imyiyerekano muri Afurika y'Epfo

Muri Afrika y'Epfo, imyivumbagatanyo iragenda ifata intera ndende. Abayigwamo bariyongera buri munsi. Kugeza ubu, iyi myivumbagatanyo imaze guhitana abantu 72. Abandi barenga 1,200 bamaze gutabwa muri yombi. Ariko ntibica intege abasahura n'abatwika.

Ingaruka ni nyinshi, ariko ingero nke ni uko n'ibigo bikingira Covid nabyo byafunze imiryango, kandi iyi virusi ica agati muri Afrika y'Epfo, igihugu cya mbere yakozeho cyane kurusha ibindi muri Afrika. Naho radiyo Alex FM, imaze imyaka 27 ari ijwi ry'abatagira ijwi b'Alexandra. mu nkengero za Johannesburg, yahagaze. Abasahura bayiteye, baramenagura, banyaga n'ibikoresho byayo, nka za mudasobwa nini n'intoya zigendanwa, mikoro, n'ibindi byonshi, byose bifite agaciro k'amadolari 350,000, n'uko umuyobozi wayo, Takalane Nemangowe, yabitangarije ibigo ntaramakuru bitandukanye.

Abakozi ba Alex FM ni bazima. Bashoboye gucika abateye, barahunga. Nemangowe avuga ko nta mupolisi cyangwa umusilikali n'umwe wari hafi aho. Nyamara Perezida Cyril Ramaphosa yohereje abasilikali 2,500 mu mihanda gutera inkunga polisi byarenze. Imyivumbagatanyo yatewe n'ifungwa ry'uwari umukuru w'igihugu Jacob

Zuma. Iri mu ntara ebyiri gusa kuri 11 zigize Afrika y'Epfo, ari zo za KwaZulu-Natal, irimo umujyi wa Durban, wa gatatu mu bunini ku rwego rw'igihugu, na Gauteng, irimo Johannesburg, umujyi wa mbere mu bunini.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG