Uko wahagera

Abarundi Bahungiye i Mahama Bugarijwe n'Inzara n'Ubukene bw'Impuzu


Zimwe mu mpuzi zo mw'ikambi ya Mahama mu Rwanda
Zimwe mu mpuzi zo mw'ikambi ya Mahama mu Rwanda

Kuri uno wa kane amakungu azohimbaza umunsi wahariwe impunzi. Ishami ry’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryitaho impunzi, HCR, rivuga ko abantu bagera ku miliyoni 71 kw’isi bavanywe mu zabo n’ingwano n’ugutotezwa. Ni co gitigiri kinini cane gishitsweko kuva ishirahamwe HCR rishinzwe haraheze hafi y’imyaka 70.

Muri izo miriyoni 71 harimwo Abarundi bahungiye mu makambi atandukanye ari mu karere k'ibiyaga bigari. Abahungiye mw’ikambi ya Mahama mu Rwanda babwiye Ijwi ry'Amerika ko bugarijwe n’inzara hamwe n’ubukene bw’impuzu zo kwambara.

Inkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Pierre Claver Niyonkuru.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG