Uko wahagera

Abarundi bafise ibitabu vy’ inzira vy’ ibindi bihugu, birakwiye ko barinda gusaba uburenganzira bwo kwinjira mu gihugu cabo c’ amavuko?


Kubera amagume igihugu c’ Uburundi camazemwo imyaka irenga icumi, Abarundi ubu ni benshi cane baba mu mahanga. Kuva mu ntango y’ imyaka y’ 1990.

Abarundi batanguye kuja mu mahanga ari benshi, aho bize, bubatse baraharondokera. Mur’ iki gihe rero, Abarundi baba mu bindi bihugu benshi usanga barafashe ubwenegihugu bw’ ibihugu babamwo, ugasanga iyo bafashe urugendo bakoresha n’ ibitabu vy’ inzira vy’ ivyo bihugu vyo mu mahanga babamwo. Iyo bagiye mu Burundi, Abarundi bafise ibitabu vy’ inzira vy’ ibindi bihugu bategerezwa kuriha amafaranga ya Visa yo kwinjira mu Burundi. Har’abarundi benshi rero baba hanze babinebagura, bavuga ko ata gituma Umurundi ariha amafaranga kugira ngo aronke uburenganzira bwo kwinjira mu gihugu ciwe c’ amavuko. Twaraganiriye n’ umupfasoni Esperance Keza, Umurundikazi aba muri Canada afise ubwenegihugu bwa Canada, aratubarira ico yiyumvira kur’ ico kibazo benshi batavugako rumwe.

XS
SM
MD
LG