Uko wahagera

Abarundi Baba mu Makungu Ntibazotora Umukuru w'Igihugu


Imihanda irimo ubusa mu murwa mukuru wa Portugal Lisbone kubera kwirinda umugera wa corona.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu bwatangaje ko ata matora azobera mu buserukizi bwabo mu bihugu bitandukanye.

Mw’itangazo ubwo bushikiranganji bwarungikiye abahagarariye ico gihugu mu mahanga, bwasiguye ko ayo matora asibijwe kubera ingingo zafashwe mu bihugu bitandukanye zo gukinga ikiza ca virusi ya Corona. Izo zirimwo ukubuza abantu kuva mu mihana yabo zitotuma Abarundi badashika muri za ambassade gutora.

Haraheze hafi indwi zitatu abakorera muri za ambassade mu bihugu bitandukanye bakorera mu mihana yabo. Nko ku buserukizi bw'Uburundi muri Amerika buri ngaha i Washington DC, umuryango winjira mu biro vy'iyo ambassade uriko inzandiko zibiri: Rumwe rumenyesha ko ibikorwa vyo gutanga za visa vyabaye birahagarikwa, urundi na rwo rukavuga ko abakozi bayo bariko bakorera mu mihana kubera iki kiza ca Virusi ya Corona.

Ijwi ry’Amerika twagerageje kurondera umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, Ezechiel Nibigira, ntitwamuronka kuri terefone yiwe. Iyo tuza kumubona, twari kumubaza igitegekanijwe kuri abo Barundi bari mu mahanga, niba iyo ngingo hari ico izohindura ku matora muri rusangi mu Burundi, tukanamubaza muri rusangi Abarundi bari hanze bari bariyandikishije kuzotora uko bangana.

Reta zunze ubumwe z'Amerika zibarizwamwo Abarundi bababa ibihumbi 60 nkuko ibitigiri dukesha umwe mu begereye ubuserukizi bw'Uburundi ngaha i Washington abivuga. Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu bufashe ingingo y’uko Abarundi baba hanze batazotora mu gihe, ku rubuga mu gihugu imyiteguro y'ayo matora ibandanya.

Mu kiganiro abavugizi b’inzego za reta baremesheje mu mpera z’ukwezi kwa gatatu bishura ku bibazo vy’abamenyeshamakuru, Prosper Ntahogwamiye, umuvugizi wa reta yamaze amazinda y’abashatse kumenya ko hari ico kino kiza kizohindura ku kirangamisi c'amatora, avuga ko ata gisivya azoba uko vyateguwe kw’igenekerezo rya 20 z’ukwezi kwa gatanu.

Atagihindutse imyiyamamazo ku bazohiganira intebe y'umukuru w'igihugu izotangura igenekerezo rya 27 uku kwezi, ihere igenekerezo rya 17 ukwezi kwa gatanu, amatora nayo abe igenekerezo rya 20 ry'ukwa gatanu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG