Uko wahagera

Kenya: Ihimbazwa ry' Ubumwe bw' Abarundi


Ambassadeur Remy Barampama aserukira Uburundi muri Kenya
Ambassadeur Remy Barampama aserukira Uburundi muri Kenya

Abarundi baharurwa mu majana nibo bitabiriye ibirori vyo guhimbaza umusi wahariwe ubumwe bw’abarundi.

Ambassadeur Remy Barampama aserukira Uburundi muri Kenya, yibukije ko igikorwa c’abarundi bahatse indaro ari kirumara mukwerekana ishusho nziza y’igihugu cabo.

Muri Kenya kuva mu mwaka w’I 2015 n’imbere yaho gato, imisi mikuru y’igihugu abarundi bahaba ntibahora bayitabira ku rugero rushimishije.

Ingoma z’Uburundi ntizari zatanzwe mu birori.
Ingoma z’Uburundi ntizari zatanzwe mu birori.

Bamwe mu barundi bahamaze imyaka irenga 20 bakibaza ko ari ikimeyetso ciza c’ubwiyunge n’ukwiyumvanamwo kw’abarundi baba muri ico gihugu.

Amasezerano y'ubumwe bw’abarundi yasinywe mu mwaka w’I 1991 kw’itariki ya gatanu ukwezi kwa kabiri.

Yaje akurikira intambara yo muri Ntega na Marangara mu ntara za Kirundo na Ngozi mu buraruko bw’igihugu mu mwaka w’i 1988.

Iyo ntambara ubutegetsi bw’ico gihe bwemeje ko yahitanye abarundi bagera kuri 5000 mu gihe amashirahamwe yigenga n’abahinga bavuga ko hapfuye abarenga ibihumbi 20.

Ku rwego rw'igihugu ,umusi w'ubumwe bw'Abarundi wahimbajwe itariki 5.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG