Uko wahagera

Abarenga Imiliyoni Zibiri Barageramiwe n'Inzara muri Burkina Faso


Raporo yasohowe n’inama y’abashikiranganji kuri uyu wa kane yasanze abantu barenga gato imiliyoni zibiri bazogira ibibazo vyo kubura ibifungurwa muri Burkina Faso uku kwezi no mu kwezi kuza.

Abo bashikiranganji ba Burkina Faso batangaje ko reta yabaye irashiraho uburyo bw’amafaranga angana n’imiliyoni z’amadolari 42 yo gufasha ababangamiwe kurusha abandi. Basaba inyishu yihuta yo gufasha ibisata vy’uburimyi n’ubworozi, kwitaho abana bafise imyaka iri munsi y’itanu bafise imirire mibi hamwe no gufashisha abanyagihugu amazi yo kunywa.

Kuva mu mwaka wa 2015, Burkina Faso iri mu ntambara n’imirwi y’inyagondwa z’abayisilamu, imaze guhitana abantu bababa 1 000 hamwe n’abashika ku 860 000 bateshejwe ingo zabo.

Hambavu y’iyongerekana ry’ibitero vy’iterabwoba, hari n’indyane hagati y’amoko zimaze gusesa amaraso atari make, bituma n’amikoro make ico gihugu co mu buraruko bwa Sahel cari gifise anigwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG