Uko wahagera

Abarenga 50 Bagwanira Demokarasi mu Bushinwa Batawe muri Yompi


Abategetsi bo mu ntara ya Hong Kong bahagaritse abantu baharanira demokrasi 53 hisunzwe itegeko rigenga umutekano w'igihugu ryashizweho na Reta y'Ubushinwa.

Abo bantu 53 bahagaritswe uno musi ku wa gatatu barimo abahoze ari abashingamateka n’abaharanira demokrasi. Bagirizwa ko barenze kw’itegeko rijejwe umutekano w’igihugu mu kwiyamamariza amatora y’abashingamateka mu ntara ya Hong Kong mu buryo butarekuriwe n’amategeko mu mwaka uheze.

Ihagarikwa ry’abo bantu ni imwe mu ngingo zigenewe gukandamiza abaharanira demokrasi muri Hong Kong kuva Reta y’Ubushinwa ishizeho itegeko rigenga umutekano w’igihugu mu kwezi kwa gatandatu kw’umwaka uheze w’i 2020. Iryo tegekeo rigenewe kunumya abatavuga rumwe na reta mu ntara isa n’iyigenga ya Hong Kong.

Abategetsi b’iyo ntara bagiriza abahagaritswe ko bikekwa ko bagerageje kugeramira reta mu gutuma imirimo yayo ihagarara. Ivyo kubera imigambi yabo y’ukurondera kuronka ibibanza vyinshi mu nama nshingamateka mu ntumbero y’ugutuma umuyobozi mukuru w’intara ya Hong Kong atanga imiho

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG