Uko wahagera

Abapolisi Babiri Barishwe mu Gitero c’Abagwanyi muri Komine Gihanga mw’Ijoro ryo ku wa Gatatu Rishira ku wa Kane


Umuvugizi w’igipolisi Elie Bizindavyi yabwiye Ijwi rya Amerika ko baje bava mu gihugu ca Congo

Abanyagihugu bo ku mugwa mukuru wa komine Gihanga mu ntara ya Bubanza ku birometero 20 uva i Bujumbura ku mugwa mukuru w’Uburundi biganiye Ijwi rya Amerika ko igihe c’isaha zitatu zo mw’ijoro ryo ku wa gatatu rishira uwa kane abantu bitwaje ibigwanisho n’abaporisi batanye mu mitwe mu kiringo c’amasaha abiri. Umuvugizi w’igiporisi Elie Bizindavyi aremeza igitigiri c’abaporisi babiri n’uwe mubateye baguye mur’ico gitero nk’uko bivugwa n’ababibonye. Inyubakwa za komine zarononekaye,idarapo y’igihugu iribwa.

Abateye ngo bari benshi ariko ntibazwi neza igitigiri. Abanyagihugu bigana ko bari bafise inkoho bose bambaye impuzu za gisirikare. Uko babivuga ngo baje hakirikare bafata ibibanza bipfuza kuja gukoreramwo,abaporisi n’abanyagihugu bibaza ko ari abasirikare b’igihugu. Abo bagwanyi bateye ngo baje bava mw’ishamba ryo mu Rukoko rihana urubibe na Congo iharanira demokarasi.

Umuvugizi w’igiporisi Elie Bizindavyi yabwiye Ijwi rya Amerika ko baje bava mur’ico gihugu ca Congo ariko kandi aremeza ko mw’ishamba cieza ryo mu Rukoko hariyo imigwi yitwaje ibigwanisho yita imigwi y’abasuma n’ubwo abateye atanakimwe bivye atari idarapo y’igihugu.

Icogitero kigize ica gatatu mur’ako karere mu kiringo c’amezi indwi. Gishitse kandi mu gihe muturere twinshi tw’igihugu abantu bamwe bamwe bafatwa bagapfungwa bagirizwa gukorana n’imigwi y’iterabwoba. Abagize igitero mu Gatumba mu kwezi kw’icenda umwaka uheze ngo bari baje bava mur’iryo shamba nyene cimeza ryo mu Rukoko risangiye uruzi Rusizi n’igihugu ca Congo iharanira demokarasi

.

XS
SM
MD
LG