Uko wahagera

Abapfasoni mu Busuwisi Biyamiriza ko Badahembwa Kimwe n'Abagabo


Ikarata Yerekana aho Ubusuwisi buherereye

Mu Busuwisi, abanyagihugu baharurwa mu bihumbi mirongo ibiri kuri uno wa gatandatu bazindukiye mu myiyerekano yo gusaba inganyishwa ry’imishara hagati y’abagore n’abagabo.

Urunani “UNIA” ruhurikiyemwo amashirahamwe agera kuri 40 yatunganije iyo myiyerekano yabereye ku murwa mukuru Berne, rwagabishije ko ata gikozwe abapfasoni biteguriye gukora yegeyegere gushika batunganirijwe.

Abari muri iyo myiyerekano bavuze ko batazohesha ikumirwa rifatiye ku gitsina n’ubusumbasumbane bw’imishahara hagati y’abagore n’abagabo bitaranduranywe n’imizi muri ico gihugu.

Kuva mu 1981, ibwirizwa nshingiro mu Busuwisi riratomora ko ibitsina vyose bingana. Naho biri uko, umushahara w’umupfasoni ugabanywa ibice 20 kw’ijana ugereranije n’uw’umugabo bakora akazi kamwe.

Imyiyerekano y’uno wa gatandatu ibaye mu gihe ku wa mbere inama nshingamateka y’Ubusuwisi izokwiga ingene itegekeo rigenga imishahara ryo hinyanyurwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG