Uko wahagera

Abanyeliberiya Biriwe Barigina Intsinzi ya George Weah


Abanywanyi ba George Weah Bariko Bigina Intsinzi yiwe

Abanyeliberiya bahimbaje uno musi ku wa gatanu, intsinzi ya George Weah, mu matora y'umukuru w'igihugu yabaye ku musi wa kabiri.

George Weah, w'imyaka 51, yatahukanye intsinzi y'amajwi agera kuri 60,5 kw'ijana. Uwo bahiganwa, Joseph Boakai w'imyaka 73, yatsinzwe afise amajwi agera kuri 38,5 kw'ijana. Uwo yari asanzwe ari icegera ca perezida wa Liberiya.

George Weah yatsinze intara 14 kuri 15 zigize Liberiya. Abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter, Weah yijeje impinduka mu gihugu. Weah agiye gusubirira Perezida Ellen John Sirleaf umukenyezi yaramutswa Liberiya kuva mu mwaka w’i 2006.

George Weah yatanguye politike inyuma y'uko ahagaritse gukina umupira w’amaguru mu mwaka w’i 2002.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG