Uko wahagera

Abanyamerika Barahimbaje Umusi wa, “Memorial Day”


Prezida Obama ku musi w'ugutera Iteka Abasekombata muri Amerika
Prezida Obama ku musi w'ugutera Iteka Abasekombata muri Amerika

Prezida wa Amerika, Barack Obama yarateye iteka aba sekomabata n’imiryango yabo ku musi w’akaruhuko wahariwe Abasekombata, Memorial Day, mu gihe Abanyamerika mu gihugu cose bagize imisi mikuru.

Mw’ijambo yashikirije ku kaburi ko mu gisagara ca Arlington hanze y’igisagara ca Washington, prezida Obama yatangaje ku mu bwabaye ubwa mbere mu kiringo c’imyaka icenda, Abanyamerika batariko baragwana, kandi batariko bapfa mu gihugu ca Iraki. Yongeye avuga ko ariko ararangiza ingwano mu gihugu ca Afghanistani. Prezida Obama atangaje kw’inyuma y’imyaka cumi y’ingwano, Abanyamerika bashobora kubona igihe gishasha.

Inyuma yahoo prezida Obama yaragendeye icibutso c’Abasekombata b’ingwano yo muri Vietnam, aho yatangaje kw’Abasekombata bo mu ngwano yo muri Vietnam badahabwa icubahiro bakwirikiye. Avuga kw’ari ibintu bigayitse kubona bamwe mu Basekombata bo muri Vietnam abantu barabihojeje igihe batahuka mu gihugu cabo bavuye mu ngwano yo muri Vietnam. Amenyesha kw’ivyo ari ibintu bitategerezwa kuba, kandi ko bitazosubira kuba.

XS
SM
MD
LG