Uko wahagera

USA: Umugambi Ugabanya Abakozi b'Abanyamahanga Waburijwemwo


Umucamanza ku rwego rw’igihugu aha muri Amerika yaburijemwo imigambi ibiri ya Perezida Donald Trump yari igamije kugabanya abanyamahanga baza gukora muri Amerika barinze guhabwa impapuro zibibahera uburenganzira. 

Ayo mategeko abiri uko yari ateguye, yategeka abakoresha baha akazi abanyamahanga barinze kuronka impusha zitwa H-1 B Visas kubaha umushahara uri hejuru, akagabanya n’ubwoko bw’ubuzi butangwa ku bakenera izo visa ngo baze gukora muri Amerika.

Ingingo itegeka umushahara wisununuye yagiye mu ngiro mu kwezi kwa cumi, iyo kugabanya ubuzi buronswa abafise izo mpusha nayo vyari bitegekanijwe ko itangura gushirwa mu ngiro mu ntango z’indwi iza.

Umucamanza Jeffrey White yaburijemwo uwo mugambi wa Reta ya Prezida Trump asigura ko ubushikiranganji bujejwe ivy’akazi bwirengagije n’ibigira nkana gutegekanya iminsi 30 isabwa ngo itegeko iryo ari ryo ryose rigire ico rivuzweko imbere yo kuja mu ngiro. Uwo mucamanza yavuguruje kandi yongera yamirira kure insiguro za Reta y’Amerika z’uko ukugabanya abakozi bahabwa ayo mavisa vyari mu ntumbero yo kurwanya ikiza ca virusi ya Corona.

Izo visa zo mu bwoko bwa H-1B ubundi zihabwa abanyamahanga baza gukora ubuzi busaba ko uwubukora aba afise n’imuburiburi impamyabushobozi zerekana ko bize imyaka ine muri kaminuza. Abazihabwa ku mwaka ku mwaka baharurwa mu bihumbi 85, bagakorera ahanini mu bisata vy’ubuhinga bwa none, inyubako, n’ubuvuzi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG