Uko wahagera

Abanyalibiya Baragiye mu Matora Ejo ku Musi wa Gatandatu


Abanyalibiya mu Matora
Abanyalibiya mu Matora

Abanyalibiya baragiye mu bibanza vy’amatora ku murwa mukuru w’igihugu ca Libya, Tripoli no mu gihugu cose ejo ku musi wa gatandatu

Igikorwa c’uguharura amajwi caratanguye mu gihe ibibanza vy’amatora vyugaye mu gihugu cose ca Libya, Abanyalibiya batari bake bakaba baragiye mu mabarabara kugira imisi mikuru, naho ivyavuye mu matora bishobora kudatangazwa mu kiringo c’imisi itari mike.

Abanyalibiya baragiye mu bibanza vy’amatora ku murwa mukuru w’igihugu ca Libya, Tripoli no mu gihugu cose, ejo ku musi wa gatandatu, mu mwizero kw’amatora ya mbere afatiye ku migambwe myinshi, mu kiringo c’imyaka mirongo itandatu, ari intango y’igihe gishasha. Mu bice bimwe bimwe vy’umurwa mukuru, Tripoli, abantu batanguye gukorana mu kiringo kirenga isaha, imbere yuko ibibanza vy’amatora vyugurura.

Urwego rujejwe amatora muri Libya rwatangaje kw’abaitavye amatora bashobora kuba bararenze ibice mirongo itandatu kw’ijana.

Muri rusangi, amatora y’ejo ku musi wa gatandatu asa n’ayabaye mu mahoro kandi yari yateguwe neza.

XS
SM
MD
LG