Uko wahagera

Sudani y'Ubumanuko: Abanyagihugu Barabangamiwe n'Intambara


Abanyagihugu ba Sudani y'Ubumanuko bari mu buhungiro
Abanyagihugu ba Sudani y'Ubumanuko bari mu buhungiro

Abanyagihugu bahunga intureka zimaze imyaka itatu muri Sudani y’Ubumanuko bamenyesha ko abantu bitwaje ibigwanisho bakora amabi bakanabahohotera. Impunzi zituruka aho muri Sudani y’Ubumanuko zimenyesha ko zahunze ziva mu ntara ya Equateur.

Chaplain Malesh, umwe mur’abo banyagihugu avuga ko uturere baje baturukamwo twugarijwe n’inzara, bivuye ko abantu bahunze baja mu mashamba, bagasiga utwabo twose. Malesh avuga kandi ko ubu abantu baribwa n’ibikoko hamwe n’inyoni zo mu mashamba.

Abo banyagihugu bavuga ko ari hamwe izo ntambara zidaheze, abahunga bazobandanya kwiyongera. Ku’uyu wa mbere, Prezida Salva Kiir wa Sudani y’Ubumanuko yarateye akamo ko kwitabira ibiganiro, kugira bahagarike intambara. Prezida Kiir yatangaje ko ivyo biganiro atawe bizokumira, kandi ko bizobamwo umuco.

XS
SM
MD
LG