Uko wahagera

Misiri : Abanyagihugu Bitabiriye Amatora y’Umukuru w’Igihugu


Isanamu yerekana uwuriko aratora muri Misiri
Isanamu yerekana uwuriko aratora muri Misiri

Muri Misiri, abanyagihugu bitabiriye amatora y'umukuru w'igihugu agiye kumara imisi itatu.

Vyitezwe ko intsinzi izotahukana umukuru w’igihugu Abdel Fatth al-Sissi asanzwe ari ku butegetsi.

Aho amatora yatangura ku mugwa mukuru no mu ntara cumi na zine zose z’igihugu, abashigikiye umukuru w’igihugu bagize imyiyerekano itari yitezwe mu kibanza ca Tahrir Square yo kumushigikira.

Inzego zijejwe umutekano zigizwe n’abaporisi hamwe n’abasirikare, bari bacungereye umutekano ari benshi ku nyubakwa za reta hamwe n’ibibanza vy’amatora. Za kajugujugu nazo zagenda zigenduza umutekano mu birere bitari bike vy’umurwa mukuru.

Itangazo ry’ibizova mu matora ritegekekanijwe kuzoshikirizwa kw’itariki ya kabiri mu kwezi kwa kane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG