Uko wahagera

Abanyagihugu bo mu Buseruko bwa Kongo Bakomeje Guhunga


Bamwe mu banyagihugu bahunga intambara za M23 mu 2013
Bamwe mu banyagihugu bahunga intambara za M23 mu 2013

Abantu bitwaje ibirwanisho baraye bigaruriye ibigwati n’imiburiburi bibiri vyo mu buseruko bwa Kongo. Ibigwati bimaze gutangazwa mu vyigaruriwe ni ivyitwa Tshanzu na Runyoni vyegeranye n’imipaka y’u Rwanda na Uganda.

Lieutena Coloneli Muhindo Luanzo, icegera c’uwutwara teritware yitwa Rutshuru, yavuze ko abarwanyi bigaruriye utwo turere tubiri bashobora kuba ari aba M23. Bateye ejo ku wa Mungu kuva mu ma saa tanu z’ijoro nkuko uwo mutegetsi abandanya abivuga.

Mu kiganiro yagiranye n’itororokanirizo ry’amakuru y’abongereza, Reuters, Lieutena Coloneli Muhindo yagize ati: “ Ingabo zacu ziri mu bikorwa vyo kwivuna umwansi yaje aturukana mu Rwanda.” Abahinga ba ONU muri kahise bagirije u Rwanda na Uganda gushigikira abarwanyi ba M23. Ivyo bihugu yamara vyamirira kure ivyo vyagiriji.

Hagati aho, bamwe mu banyagihugu bo mu buseruko bwa Kongo baja bamaze gutangura guhungira muri Uganda. Ishirahamwe ritabara imbabare kw’isi, Croix Rouge, muri Uganda naho ritatomoye abo rimaze kwakira ryavuze ko ari benshi.

Ejo ku wa Mungu ku mugoroba, Amerika yari yagabishije ko hari igitero gishobora kugabwa mu gisagara ca Goma giherereye ku birometero 50 y’ibigwati vyatewe. Itororokanirizo ry’amakuru y’abongereza, Reuters, Ijwi ry’Amerika rikesha ino nkuru rikavuga ko amakuru y’ico gitero amaze gutangazwa, abasoda baciye bakikuza mu ma barabara atandukanye ya Goma.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG