Uko wahagera

Abanyafrika Bazoshigikira Mushikiwabo?


Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’Urwanda Louise Mushikiwabo
Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’Urwanda Louise Mushikiwabo

Umunyamabanga wa Reta mu bushikiranganaji bujejwe imigenderanire mu Rwanda, Olivier Nduhungirehe, yatangaje ko umushikiranganji ajejwe imigenderanire y'u Rwanda n'ayandi makungu Louise Mushikiwabo yatanguye kurondera amajwi yo kuyobora OIF.

Louise Mushikiwabo w'imyaka 57 aza yaragiye mu gihugu ca Kameruni kuganira n’umushikiranganji wa mbere w’ico gihugu, Philemon Yang, ku vyerekeye umugambi wiwe w’ukwitoza kuyobora ishirahamwe OIF rihurikiyemwo ibihugu bivuga igifaransa.

Bitegekaijwe ko Madame Mushikiwabo aja mu bindi bihugu vyo muri Afrika bigize OIF mu misi iri imbere no mu nama y’umuryango w’ibihugu vya Afrika izobera mu gihugu ca Moritaniya mu kwezi kw’indwi mu ntumbero yo kubandanya arondera abamushigikira muri uyo mugambi.

Mu bihugu bimaze kwemeza ko bishigikiye ukwitoza kwa Mushikiwabo, harimwo igihugu c'Ubufaransa. Bitegekanijwe ko uwuzotorwa mu kibanza co kuyobora OIF amenyekana mu nama y'iryo shirahamwe itegekanijwe kuba hagati y'itariki 11 na 12 z'ukwezi kwa cumi muri Armeniya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG