Uko wahagera

Abanyafrika Batanu Baburiwe Irengero mu Nkino za Commonwealth


Bamwe mu Bari mu mikino ya Commonwealth
Bamwe mu Bari mu mikino ya Commonwealth

Abandi banonotsi barenga batanu b’Abanyafrika bashobora kuba bazimanganye mu gihe bari mu nkino z’ukunonora imitsi za Commonwealth. Ayo makuru yatangajwe n’abateguye izo nkino uno musi ku wa kane.

Ivyo n’inyuma yuko abandi banonotsi umunani baturuka mu gihugu ca Kameruni biketswe ko bazimanganye umusi umwe w’imbere yaho.

Abateguye inkino z’ukunonora imitsi za Commonwealth bemeje amakuru avuga ko abanonitsi bava mu bihugu vy’u Rwanda na Uganda bashobora kuba irengero ryabo ritazwi, mu gihe bariko barondera kumenya iyo abandi banonotsi babiri baturuka muri Sierra Leone bari.

Umuyobozi mukuru w’inkino z’ukunonora imitsi za Commonwealth, David Grevenberg yabwiye abamenyeshamakuru ko bariko bakwirikiranira hafi ivyerekeye ukubura kw’abo banonotsi.

Amenyesha ko bariko bashimikira muri iki gihe ku vyerekeye gufasha mu gikorwa c’ukumenya abanonotsi irengero ryabo ritazwi mur’iki gihe aho boba bari.

Ikiringo c’amavisa y’abanonotsi bari mu nkino za Commonwealth zihuza abanonotsi baturuka mu bihugu vyahoze bikolonijwe n’Ubwongereza, kizorangira kw’italiki 15 z’ukwezi kwa gatanu.

Inkino z’abanonotsi za Commonwealth ziriko zibera muri iki gihe mu gihugu ca Australiya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG