Uko wahagera

AbanyaCongo kur’uyu wa mbere, igenekerezo rya 28 ry’ukwezi kw’icumi na rimwe, bitavye amatora y’umukuru w’igihugu hamwe n’amatora y’abashingamateka.

Umukuru w’umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora, Daniel Ngoy- Mulunba, avuga kw’abakozi bajejwe gutunganya amatora bari mu bibanza birengaibihumbi 63 vyo gutoreramwo, biteguriye gufasha abanyeCongo gutsimbataza demokrasi.

Ngoy-Mulunda agira ati: Kur’uyu musi wa mbere, umurwi ujejwe gutunganya amatora, watumiye abanyeCongo mu gikorwa co gutora mu mahoro no mu mutekano. Ariko aratera akamo abanyagihugu bose, ngo bakoreshe uburenganzira bahabwa n’ibwirizwa shingiro, mu gutora umukuru w’igihugu hamwe n’abashingamateka.

Naho hari amakenga yerekeye igikorwa co gutanga ibikoresho cacerewe mur’ico gihugu kingana n’Ubulaya bwo mu burengero, ngo ayo matora ahava aba, nk’uko vyategekanijwe.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ejo ku musi wa mungu, Ngoy- Mulunda, yavuze kw’abanyagihugu ibice 99%, biteguriye kwitaba ayo matora, kandi ngo abanyagihugu baja kwitaba ayo matoro uyu musi ku wa mbere, bazoba bangana n’ibice 100%.

Igihe igikorwa co guharura amajwi, kizoba kimaze kurangira, umwe wese mu bategetsi baserukira umugambwe wiwe mu bibanza vyose vyo gutoreramwo, araja guhabwa urupapuro rwemeza igitigiri c’abanyagihugu batoye, imbere y’uko urwo rutonde rurungikwa mu buhinga bwa ordinateri ku vyicaro vy’umurwi ujejwe gutunganya amatora i Kinshasa; ivyo vyose bigakorwa kugira ngo ntihabe ubusuma.

Abanyapoltike barenga ibihumbi 18, nibo bariko baritoza mu bibanza 500 vy’abashingamateka. Abanyapoltike 10 nabo, nibo bariko barahiganwa na president Joseph Kabila. Bamwe muribo, baramaze gutangaza kw’ayo matora arimwo ubusuma. Umunyapolitike atavuga rumwe na reta, Vital Kamerhe, yareretse abamenyashamakuru, ivyo yavuze kw’ar’amaCarte amaze kwandikwako izina rya president Kabila.

AbanyaCongo kur’uyu wa mbere, igenekerezo rya 28 ry’ukwezi kw’icumi na rimwe, bitavye amatora y’umukuru w’igihugu hamwe n’amatora y’abashingamateka.
AbanyaCongo kur’uyu wa mbere, igenekerezo rya 28 ry’ukwezi kw’icumi na rimwe, bitavye amatora y’umukuru w’igihugu hamwe n’amatora y’abashingamateka.

Ngoy-Mulunda avuga kw’ata kintu na kimwe cerekana kw’ayo makarata yakorewe mu gihugu ca Afrika y’Epfo, yabayemwo ubusuma.

Ati twarahamagaye reta ya Afrika y’Epfo kugira itohozwa ritangure. Ati, reta yarabitohoje. Ati, uyu musi, ambassaderi yatangaje, nk’uko abandi baAmbassaderi babitangaje, kw’ivyo birego vy’ubusuma, atarivyo. Ati igihugu ca Afrika y’epfo naco nyene, carakoze itohozwa kandi naco nyene, ntigishaka kw’izina ryaco ryononekara. Ati nanje, ndi umukuru w’umurwi ujejwe gutunganya amatora, nta karata yo gutorerako mfise.

Umunyapolitike akomeye atavuga rumwe na reta, Etienne Tshisekedi yarahevye umugambi yari yatangaje wo kugira imyiyerekano ejo ku musi wa mungu, wari kuba urenze ku masezerano yo kumara umusi w’imbere y’amatora, mu gacerere no mu mutekano.

Abapolisi b’inyamiramabi. Baramugaritse ku kibanza c’indege, mu kiringo c’amasaha arenga 10 ku musi wa gatandatu, maze ntiyashobora kubonana n’abanyagihugu bamushigikiye.

Tshisekedi yabwiye abamenyeshamakuru ejo ku musi wa mungu, ko yarafise umugambi wo kubandanya imyiyerekano. Yamara yahavuye abiheba, inyuma y’aho abahanuzi biwe bamuhanuriye, bakamubwira kw’umutekano wiwe wohava uhungabana.

Igikorwa co gutora catanguye mu kanya. Ibiharuro bizoba vyavuye mur’ayo matora, bizotangazwa kw’igenekerezo rya 5 ry’ukwezi kwa cumi na kabiri; umusi umwe imbere y’uko ikiringo ca president Kabila ku butegetsi, kirangira.

XS
SM
MD
LG