Uko wahagera

Abantu Ibihumbi Baramagana Bouteflika muri Alijeriya


Abanyeshuri muri Alijeriya bigaragambije guhera kuwa gatatu tariki ya 5/3/2019
Abanyeshuri muri Alijeriya bigaragambije guhera kuwa gatatu tariki ya 5/3/2019

Abantu ibihumbi n’ibihumbi bambaye amabendera y’igihugu muri Alijeriya bagize imyerekano ku murwa mukuru, Algers, uno musi ku wa gatanu. Iyo myiyerekano yari igenewe kwiyamiriza ingingo ya Prezida Abdelaziz Bouteflika y’ukuguma ku butegetsi.

Abari mu myiyerekano bahuye bavuye mu bisabisho vy’uno musi ku wa gatanu. Ntaco inteko zijewe umutekano zabagize

Mu vyo abakora imyiyerekano basigura ni uko amagara ya Bouteflika atameze neza, kuko ari mu bitaro mu gihugu c’Ubuswise kuva mu kwezi guheze. Reta ivuga ko ari ukwipimisha ku bijanye n’amagara yiwe.

Ni umusi wa gatanu ugira gatatu wikwirikiranya abanyagihugu bagize imyiyerekano. Abayitegura basavye ukugarariza akazi mu gihugu cose n’iyo Reta itagondozwa.

Imigambwe itari mike n’amashirahamwe y’abakozi muri Alijeriya vyarashigikiye imyiyerekano itera yiyongera mu mabarabara.

Abdelaziz Bouteflika ari ku butegetsi kuva mu mwaka w’i 1999. Yamara ntakiboneka ku mugaragaro kuva akitswe n’amagara mu mwaka w’i 2013.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG