Uko wahagera

Abantu Bitwaje Ibigwanisho Batamenyekanye Barishe Abantu Batanu mu Burengero bwa Cote d’Ivoire


Uwo mutegetsi w’wumusirikare izina ryiwe ritatangajwe yamenyesheje ejo ku musi wa gatatu kw’ico gitero camaze amasaha abiri cabereye mu gisagara ca Sakre

Umutegetsi w’umusirikare mu gihugu ca Cote d’Ivoire yatangaje kw’abantu bitwaje ibigwanisho batamenyekanye bishe abantu batanu canke barenga bongera bakomeretsa abandi batari bake mu gitero cabaye mu gisagara kiri mu bumanuko bushira uburengero kiri ku rubibe n’igihugu ca Liberia.

Uwo mutegetsi w’wumusirikare izina ryiwe ritatangajwe yamenyesheje ejo ku musi wa gatatu kw’ico gitero camaze amasaha abiri cabereye mu gisagara ca Sakre, abategetsi b’abasirikare bakaba bahagaritse abantu batari bake biekekwa ko bagize uruhara muri ico gitero.

Ivyabona batangaje kw’abagize ico gitero baturiye amazu atari make bongera barasahura amamangazini. Yamara ivyo batangaje ntivyemejwe n’inkuru zigenga.

Ico gitero cabaye umusi umwe inyuma yuko prezida wa Cote d’Ivoire, Alassane Ouattara arangije urugendo rwiwe mu gice co mu burengero bw’igihugu mu gikogwa c’uguhwamika indyane zifatiye ku moko ziri muri ako karere inyuma y’ingwano yabaye mu ntango z’umwaka w’2011. Iyo ngwano yatewe n’ingingo y’uwahoze ari prezida wa Cote d’Ivoire, Laurent Gbagbo y’ukwanka kuva ku butegetsi inyuma yuko atsinzwe mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu kwezi kw’icumi na rimwe mu mwaka w’2010.

XS
SM
MD
LG